Kiyago.com
Membres
Traduction
Autre
Contribuer
Imigani
Abashingantahe basanga isake ivuga ukuri. Ariko bakubitiza agatima kure vya vyinyo vya ya ngona, bibuka ko itigera yemera gutsindwa, umwe wese akibaza ingingo ishikirizwa igihugu, akabura, baguma mu madidane.
Ni ko kuja mu mwiherero. Abantu na bo bakwirikiranye urubanza, bari barindiranye igishika urwo bacira ingona. Abashingantahe iyo bari mu mwiherero bicamwo imigwi itatu.
Bamwe bavuga bati : “ Ni ko isake iri mu kuri, ariko ntitwokiza isake ngo twiyibagire, kuko tugahirahira tukavuga ko ingona itsinzwe, iratwica ” . Abandi bati : “ Muribuka ijambo twemereye igihugu igihe dushikirizwa iri banga, ko tutazigera duca kubiri n’ukuri, no kugupfira tukagupfira. Ingona itegerezwa guhanwa, kuko irabangamiye igihugu.”
Abari basigaye nabo bati: “ Dukize isake, na twebwe nyene twikize. Tuvuge ko isake yatsinzwe, ingona nayo tuyibwire isubire mu ruzi, tuzoheza turabe ahandi isake ija irabikira.” Kubera ubwoba bose baca bemera iryo.
Ni ko kuja gushikiriza iryapfunditswe, Babwira ya sake bati : “ Wa sake we, uratsinzwe. Nawe wa ngona, ni wisubirire mu ruzi. ”Barongera bategeka ko ya sake yugaranirwa mu nzu, ya ngona ikiri ngaho. Ba bantu batangura kubinuganuga bati: « Ukuri kurahiritswe ! » Abandi ngo : « Ingona niyo ihanwa. » eka barahazuka, ba bashingantahe basaba gutekana. Ya ngona irasama irasubira, ngo abantu bagire ubwoba, ariko biba ivyubusa.
Umushingantahe umwe muri bamwe bari banse guca kubiri n’ukuri, yakira intahe arayinihiza ati: « Isake yaragamburutse ikora ico abagabo bayitumye. Yafashije abantu kuvyuka baja ku mirimo, kandi yabikiye aho abagabo bayibwiye, ku neza y’igihugu. Wa ngona we, wariganje mu gihugu. »Buno nyene ica ija kumusumira ngo imurye, ba bantu baramira bati: « Aho vyakabereye ni kera,geza aho!» Ica iratekereza.
Wa mushingantahe aca arabandanya ati: “Ukuri guca mu ziko ntigusha. Warabangamiye abanyagihugu mu kubuza isake kubika. None ku neza yawe n’iyigihugu, subira mu ruzi utekereze,uze ureke isake ibike yikure, abantu baje ku mirimo. Ukaramuka usubiriye kuyitera ubwoba ukayibuza kubika, abagabo bazoguhana.”
Abari ngaho bakoma amashi, barasubira. Ya ngona isubira muri rwa ruzi yijiriwe iratekereza. Yumvise isake ibikiye ku mutumba hejuru ya rwa ruzi, ishavu rikayica ikibuka iry’abagabo, ikayireka. N’ubu isake iracavyura abantu.
Si je nohahera, hohera iyo ngona yitwaza ingimba.
Mots du jour
Quoi de neuf?
Maintenant vous pouvez ajouter des commentaires sur les utunywababo, utujajuro, ibisokozo, imigani.
2009-11-21 09:29:45