Kiyago.com
Membres
Traduction
Autre
Contribuer
Akanywababo
Umupolisi yabonye umugabo aborewe ariko adahwa mw'ibarabara aca amuha igitanse c'amafaranga 500 y'amande. Wa mugabo akora mu mufuko amuha inoti y'amafaranga 1000 aca arikomereza urugendo. Uwo mupolisi abaza iyo mborerwa igituma amuca amande ya 500 agatanga 1000, aca amwishura ati: "Nshaka ko uronka ayo kunywa inzoga uce uborerwa ugaruka uradahwa nkanje gushika ngaha nyene."suite ]
Samandari yari aragiye inka, aca arekurira ubwo busho mu miyigwe y'ibigori, yigira uw'ejo atangura kwisomera ishapule. Nyene umurima aserutse abwira Samandari ati: "Reka kunyoneshereza umurima ntituwusangiye kandi sinarimiye inka narimiye umuryango wanje". Samandari yabandanije yisomera ishapule ntiyavugisha uwo mukenyezi w'umubanyi. Uwo nawe ishavu ryaciye ry... [ suite ]
Umugabo yatashe aborewe cane agenda aratemba, abamubonye bamuzi baramuvyura, baramwandaza gushika imbere y'inzu aho yataha.
Ahashitse akanyarigabo kaciye kavyuka ati nimundekure ndiyugururira. Kandi bagira ngo arabishobora kuko yari yamaze gufata urupfunguzo mu ntoke.
Agiye kwegera umuryango yabonye inzu iriko irazunguruka, aca aguma ateze urupfunguzo ngo arindire ko... [ suite ]
Mots du jour
Quoi de neuf?
Maintenant vous pouvez ajouter des commentaires sur les utunywababo, utujajuro, ibisokozo, imigani.